ONU Isaba Ubutungane ku Bagirizwa Ubwicanyi muri Myanmar

ONU yagiriza abategetsi bakomeye mu gisirikare ca Myanmar kuba barakoze ivyaha bikomeye vy’ihonyabwoko mu bwicanyi bwakorewe Abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Rohingya kandi isaba ubucamanza mpuzamakungu gufata mu minwe ico kibazo no gukurikirana abo basirikare. Ivyo biri muri raporo yasohowe kuri uyu wa mbere ku biro vya ONU i Geneve, raporo yagiriza Jenerali Min Aung Hlaing, arongoye ibiro bikuru vya gisirikare vya Myanmar, hamwe n’abandi basirikare batanu bafise amapete ya Jenerali ivyaha bihohotera ikiremwa muntu n’ivyaha vyo mu ntambara. Iyo raporo yagiriza kandi Aung San Suu Kyi, arongoye Myanmar, kuba atashoboye gukoresha igihagararo ciwe ngo ahagarike ubwicanyi ku ba Rohingya. Uwo yigeze guhabwa agashimwe ka Nobel ku ruhara yagize mu kurwanya intwaro ya gisirikare ya Myanmar, yaranebaguwe n’amahanga kuba yarananiwe kuvugira ubwoko bw’aba Rohingya. Reta ntaco iravuga kur’ico cegeranyo ca ONU. Ariko yamye ihakana ko igisirikare cayo ata ruhara cagize mw’ihonyabwoko canke ubundi bwicanyi bukabije.

from Voice of America https://ift.tt/2MCbwmc
via IFTTT

No comments:

Post a Comment