RDC: Abakandida Bakumiriwe mu Matora Bituye Ubutungane

Abakandida batandatu bose bakumiriwe mu bikorwa vyo kwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo barituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, nkuko babiri muri bo babibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ejo ku musi wa kabiri. Ingingo yo gukumira batandatu mu bakandida 25 bari biyandikishije kwitoza mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri yatangajwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora ku musi wa gatanu, ubaha gushika kuwa kabiri ko boba bituye sentare. Muri bo harimwo Jean Pierre Bemba yahoze arongoye umuhari w’abarwanyi, akaba ari mu bakomeye barwanya reta ya Joseph Kabila, yatahutse mu gihugu kw’itariki ya mbere z’ukwezi kwa munani kwitoza inyuma y’aho arekuriwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamwagiriza ivyaha vyo mu ntambara. Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro igiye kwihweza ibirego vyabo, mugihe umurwi utunganya amatora utegekanya gushikiriza intonde za nyuma z’abakandida kw’itariki ya 19 z’ukwezi kw’icenda, mugihe hazoba hasigaye amezi atatu ngo amatora abe.

from Voice of America https://ift.tt/2MYbSD3
via IFTTT

No comments:

Post a Comment