Amerika Iragabisha Abanyagihugu Bayo Bagendera mu Burundi

Deparitema ya Reta ya Amerika yasohoye itangazo rigabisha abagendera mu Burundi. Deparitema ya reta ya Amerika ivuga kw’ibandanya kugabisha abagendera mu Burundi kwitondera ingendo zabo mur’ico gihugu. Iryo gabisha ritanzwe kuva kur’uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 29 ry’ukwezi kw’umunani, risubiriye iryari rihasanzwe. Ingingo ihanura Abanyamerika kwitondera ingendo zabo mu Burundi yisunze ahanini ubwicanyi hamwe n’imirwi iharwanira. Deparitema ya Amerika ivuga ko ubwicanyi bukomeye burimwo ibitero vy’amagerenade hamwe n’ubusuma bukorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho vyama vyabaye. Ivuga kandi ko naho abanyagihugu bava mu bihugu vyo mu burengero, ataribo baronderwa mur’ivyo bitero, ngo barashobora kugwa mur’ivyo bitero mu gihe boba bari mu bibanza bitari vyo canke bakaba bari mu bibanza bikozwemwo ibitero nk’ivyo. Abapolisi ngo ntibafise uburyo buhagije kugira ngo bashobore gutuza ibitero nk’ivyo. Iryo tangazo rivuga kandi ko mu Burundi mur’iki gihe, uruhagarara rwa politike rubandanya kandi hirya no hino mu gihugu hama habaye ubwicanyi, burimwo ibitero vya gerenade hamwe n’ibitero vy’inkoho. Iryo tangazo ribandanya rivuga ko intara za Cibitoke na Bubanza, zama zakozwemwo ibitero vy’imirwi yitwaje ibigwanisho, ijabuka urubibe ivuye mu buseruko bwa Repubulika ya Congo, aho ingwano zitavanako. Urubibe hagati y’ivyo bihugu rushobora kwugarwa igihe icarico cose. Reta ya Amerika nta buryo bukwiye ifise bwo gufasha mu buryo bwihutirwa abanyamerika bari mu Burundi kandi imiti n’abaganga mu Burundi, ntibiri ku rwego rushemeye nko muri Amerika.  Abakozi ba Ambasade ya Amerika mu Burundi, ntibarekuriwe kugendera mu bice vyose vy’igihugu c’Uburundi, kandi bashobora kubuzwa kugendera no mu bindi bibanza, bivuye ku kuntu umutekano wifashe. Mu bibanza batarekuwe kugenderamwo, harimwo imicungararo ya Bujumbura mu masaha yo ku mugoroba, muri Karatiya ya Buyenzi, Bwiza, Cibitoke, gasenyi, Kamenge, Kinama, Musaga na Ngagara. Abipfuza kugendera mu Burundi, bahanuwe gusoma amakuru atanga impanuro n’ido n’ido ku mutekano. “Travel Information Page”.

from Voice of America https://ift.tt/2NvqAPd
via IFTTT

No comments:

Post a Comment