Senateri Mccain Arabandanya Kwibukwa muri Amerika no kw'Isi

Kwibuka no kwunamira Senateri John McCain vyarabandanije ejo kuwa mbere, mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko yitegurira indwi yo kumwibuka mu bisagara bitatu. Uwo mutama yari amaze imyaka 81 y’amavuko McCain, yitavye Imana ku musi wa gatandatu ahitanywe na Kanseri yo mu bwonko, ikiziga ciwe kizokwerekanwa mu gisagara ca Phoenix muri Reta ya Arizona avukamwo ejo kuwa gatatu. Inyuma y’imisi ibiri azoca azanwa ku cicaro c’inama nshingamateka i Washington, aho yari amaze imyaka 32 arangurira amabanga y’ubukenguzamateka. Inyuma y’imisa yo kumusabira izobera kuri Cathedrale Katolika i Washington ku musi wa gatandatu, aho Barack Obama na George W. Bush, bahoze barongoye Amerika bazoshikiriza amajambo, McCain azoca ashingurwa ku musi w’Imana kw’ishure riri mu gisagara ca Annapolis, muri Reta ya Maryland aho yakurikiranye ivyigwa gisirikare.

from Voice of America https://ift.tt/2ocTacS
via IFTTT

No comments:

Post a Comment