Bobi Wine Yarekuwe vy'Agategekanyo

Kuri uno musi wa mbere umuririmvyi azwi cane muri Uganda, Bobi Wine yarekuwe ahabwa uburenganzira bwo kuburana yidegemvya. Ni inyuma y’imisi we na bagenzi biwe bari bamaze bapfunzwe kandi bavuga ko bariko bakubagugwa. Uwo mushingamateka w’imyaka mirongo itatu n’itandatu akaba amazina yiwe y’amavuko ari Kyagualnyi Ssentamu, yari muri sentare kuri uno musi wa mbere yishimikije ibibando. Avuga ko yakubiswe bikomeye n’inzego zijejwe umutekano aho yari mu munyororo.  Ssentamu yahagaritswe n’igipolisi kw’itariki 14 z’uku kwezi kwa muni. Umucamanza yarekuye Bobi n’abandi bagenzi biwe bagirizwa icaha co guhemukira igihugu. Ni muruhara bagirizwa kuba baragize, mu bantu bateye amabuye imiduga y’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni mu ntango z’uku kwezi.  Imiduga ya rusehabaniha yari iri irindiriye gutwara Ssentamu kwa muganga inyuma yaho arekuriwe. Insinzi y’abantu yari iri hanze ya sentare imuhayagiza aho yasohoka. Abantu batari bake bateye akaruru bavuga amajambo yagiye aravugwa cane n’uwo mushingamateka Ssentamu ati “abanyagihugu bafise inguvu”. Inyuma yo kurekugwa Gerald Karuhanga, umwe mu baganezi ba Ssentamu, yabwiye ikinyamakuru co muri Uganda NTV ati “ ubu dufise inguvu ziruta izo twari dusanzwe dufise” Ivyo bibiaye inyuma yaho sentare ya gisirikare mu ndwi iheze yari yakuyeko Ssentamu icaha co gutunga inkoho n’amasasu atabifitiye uburenganzira. Iyo sentare yahavuye imurekura ariko aca asubira guhagarikwa yagirizwa icaha gikomeye kurusha, co guhemukira igihugu.   

from Voice of America https://ift.tt/2C09tDY
via IFTTT

No comments:

Post a Comment