Ubushinwa Buriko Butegura Inama n'Abategetsi ba Afrika

Ubushinwa buriko burategura inama izobuhuza n’abategetsi b’ibihugu vya Afrika hamwe n’abaserukira abikorera utwabo mu ndwi iza. Akaryo gakomeye Perezida Xi Jinping azoba aronse ko gusigira imigambi yiwe y’iterambere ku mugabane wa Afrika. Ubushinwa bumaze imyaka itanu bwaratanguje imigambi y’inyubako n'amabarabara hamwe n’iyindi migambi y’ubudandaji bizotwara imiriyaridi ibihumbi bitatu vy’amadolari. Gushika iki gihe, ibihugu bishika kw’icenda ku mugabane wa Afrika biramaze gutera imikono kuri iyo migambi y’inyubako no guca amabarabara n’Ubushinwa mugihe ibindi mirongo ibiri bikiri mu biganiro. Muri iyi nama, abakurikiranira hafi ubwo bucuti hagati y’Ubushinwa na Afrika biteze ko ingurane nshasha hamwe n’imigambi mishasha kuri Afrika bizotangazwa kandi bivugwa ko Ubushinwa buzonebagurwa ku mayeri yabwo yo gutega imitego ibihugu vya Afrika bibufitiye amadeni. Amakuru ava mu batagetsi b’Ubushinwa avuga ko abakuru b’ibihugu barenga 30 hamwe n’abanyamitahe 700 aribo bitezwe muri iyo nama. Mu nama ya nyuma, yabereye i Johannesburg mu mwaka w’2015, Ubushinwa bwemeye gutanga ingurane ingana n’imiriyaridi mirongo itandatu z’amadolari hamwe no gushinga imitahe.    

from Voice of America https://ift.tt/2LKI3Bg
via IFTTT

No comments:

Post a Comment