Uruhagarara Hagati ya Prezida Trump n'Abanywanyi b'Umugambwe Wiwe

Uruhagarara ruri hagati ya Prezida Donald Trump wa Amerika n’abanywanyi b’umugambwe wiwe rurabandanya kwibonekeza. Ni mu gihe Prezida Trump yaneguye k’umugaragaro babiri mu bakenguzamateka b’aba Republikani, Lindsey Graham aserukira Reta ya Carolina y’Ubumanuko hamwe na Jeff Flake aserukira Reta ya Arizona. Graham yagirije Prezida Trump ko ariko arasotora uruhagarara hagati y’abanyagihugu, bivuye kuvyo yashikirije ku myiyerekano yabaye k’umunsi wa gatandatu mu gisagara ca Charlottesville, muri Reta ya Virginie, imyiyerekano yaranzwe n’amacakubiri. Prezida Trump yatangaje, kuri twitter, ko ivyavuzwe na Graham, ku bijanye nuko Prezida Trump yashize k’urugezo rumwe abanywanyi b’imirwi yakoze imyiyerekano k’umunsi wa gatandatu, ar’ikinyoma kibishe. Gushik’ubu nta mukenguzamateka aturuka m’umugambwe w’aba Republikani wa Prezida Trump arashikiriza ko ashigikiye ivyashikirijwe na Prezida Trump. Mu biro kwa Prezida Trump akaba ar’agacerere. 

from Voice of America http://ift.tt/2vNKU6a
via IFTTT

No comments:

Post a Comment