Abantu 17 Barishwe mu Matora muri Bangladesh

Abantu bashika 17 barahitanywe n’ubwicanyi bwabaye mu matora ku musi w’Imana muri Bangladesh, nkuko vyashikirijwe n’igipolisi, mu gihe Sheikh Hasina yaza imbere mu majwi menshi, yiteguriye gutsinda manda ya gatatu nk’umushikiranganji wa mbere. Ibiharuro vy’imfatakibanza vyerekanye ko umushikiranganji wa mbere w’iki gihe, Hasina's Awami aza imbere. Ariko abatavugarumwe nawe bavuze ko ayo matora yabayemwo iterabwoba hamwe n’utunenge. Abantu 13 bapfiriye mu mishamirano hagati y’abanywayi b’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abatavugarumwe nawo, abandi batatu bicwa barashwe n’igipolisi kibagiriza gutera imidurumbanyo ku biro vy’amatora. Umupolisi umwe nawe yishwe n’abatavugarumwe n’ubutegetsi bitwaje ibirwanisho, nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ryabitangaje. Ibitigiri vy’abitavye ayo matora mu gihugu c’abantu imiliyoni 165 vyabaye bike, kandi ni amatora ya mbere ahuje imigambwe myinshi ugereranije n’imyaka cumi iheze.

from Voice of America http://bit.ly/2GMMU84
via IFTTT

No comments:

Post a Comment