Californiya: Batandatu Baramaze Kwicwa n'Umuriro

Umuntu agira gatandatu aramaze kumanyekana mu bamaze kwicwa n’umuriro uriko uratongora amashamba mu buraruko bwa reta ya Californiya, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Abategetsi bo muri County ya Shasta bashikirije kuri uyu w’Imana ko uwo muntu yapfuye kuko atumviye akamo yatewe ko guhunga. Yiyongereye ku bandi barimwo abana babiri hamwe n’abazimya imiriro babiri bamaze kuhasiga ubuzima. Abategetsi bavuga kandi ko abandi bantu indwi bo gisagara ca Redding, mu buraruko bushira ubuseruko bwa San Francisco bakironderwa batazi irengero ryabo. Uwo muriro umaze gutuma abanyagihugu baharurwa mu bihumbi amacumi bahunga ingo zabo, nayo inyubakwa 517 zarasambutse, nyinshi muri zo ni amazu y’abanyagihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2NVhZVF
via IFTTT

No comments:

Post a Comment