Zimbabwe mu Matora Atarimwo Mugabe

Abanyezimbabwe bitavye amatora y’umukuru w’igihugu kuri uno musi wa mbere. Abatari bake bizera ko ibizovamwo bizotuma igihugu kiva mu bibazo vy’ubutunzi kirimwo vyatewe n’intwaro ya Robert Mugabe yamaze ikiriringo c’imyaka 37.  Abakandida babiri bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihgu, bitavye amatora kuri uno musi wa mbere. Bempi bafise ukwizera kwinshi ku ntsinzi. Abo nabo ni Prezida Emmerson Mnangagwa yafashe ubutegtsi inyuma yaho Mugabe atanze imihoho mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uhez hamwe na Nelson Chamisa wo mu migwi y’abatavuga rumwe na reta.  Aho yashika mu kibanza co gutora, Mugabe yahashitse asa n’uwo amagara akitse. Yashitse mukibaza co gutora c’i Highfield afashijwe n’umutambukanye wiwe Grace, hamwe n’umukobwa wiwe Bona. Umuryango wa Mugabe wakiriwe n’igishika cinshi c’abanyagihugu bari bari muri ico kibanza.  kuri uyu w'Imana Mugabe yatangaje ko atazotora umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF, mu matora y’umukuru w’igihugu. Yabitangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa yiwe ku murwa mukuru i Harare.

from Voice of America https://ift.tt/2K8CgFb
via IFTTT

No comments:

Post a Comment