Irani: Nta Biganiro nta Shetani

Umukuru w’igisirikare ca Irani avuga ko abategetsi b’igihugu ciwe batarota bicarana na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump mu biganiro, mu kuvuga ko Teherani kitazigera cemera ibiganiro n’uwo cita “Shetani akomeye”. Komanda Mohammad Ali Jafari yabishikirije ku musi wa kabiri itororokanirizo ry’amakuru Fars rigenzurwa na reta ya Irani. Jafari niwe mutegetsi akomeye wa Irani yubahutse kugira ico avuze ku cipfuzo Trump yashikirije ku musi wa mbere ko yiteguye kuganira n’abategetsi ba Irani kuri porogaramu ya Nikleyeli atakibanje gusabwa. Trump, yakuye Reta zunze ubumwe z’Amerika mu masezerano mpuzamakungu yo mu 2015 na Irani ku birwanisho vya Nikleyeli, yari yavuze ku musi wa mbere ko yipfuza kuganira na Hassan Rouhani wa Irani. 

from Voice of America https://ift.tt/2OvD0r8
via IFTTT

No comments:

Post a Comment