Katumbi Yasavye Uruhusha rwo Gutahuka muri Kongo

Umurwizatunga akongera akaba umunyeporitike, Moise Katumbi ku musi wa mbere yashikirije ko yasavye uburenganzira bwo gusubira gutahuka muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo guharanira ikibanza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije. Katumbi mu kiganiro kuri telefone yahaye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP aho yari i Johannesburg yavuze ko yasavye abategetsi ba Kongo uburengenzira bwo kuza n’indege yiwe ikarwa ku musi wa gatanu mu gisagara ca Lubumbashi, umurwa mukuru w’intara ya Katanga. Katumbi, w’imyaka 53, yahoze ari buramatari w’iyo ntara itunze ubutare bwinshi, yahoze aba mu Bubirigi kuva mu kwezi kwa gatanu 2016 inyuma y’aho acaniyemwo na Perezida Joseph Kabila. Yasezeranye ko azotahuka guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu naho yaciriwe igifungo c'imyaka itatu ku caha co kunyuruza imitungo ya reta. Yagirizwa kandi kuba yahaye akazi abacangero kandi afise igitabo c’inzira c’Ubutaliyano, kandi amategeko ya Kongo atemera ubwenegihugu bubiri.

from Voice of America https://ift.tt/2Or8DlA
via IFTTT

No comments:

Post a Comment