Inama Nshingamateka ya Cambodge mu Minwe y'Umugambwe Umwe

Igihugu ca Cambodge kimenyesha ko catsindiye ibibanza vyose vy’inama nshingamateka. Ivyo bisigura ko igihugu kigiye kuyobogwa n’umugambwe umwe rudende.  Ayo matora muri Cambodge yaraneguwe n’imigwi iharanira agateka ka muntu kubera umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta watswe uburenganzira bwo kwiyamamaza. Umugambwe The  Cambodian People’s Party (CPP) umenyesha ko ufise ibibanza 125 vyose vy’inama nshingamateka. Abajijwe niba ivyavuye mu matora bishobora gutuma abantu batayaha agaciro, umuvugizi w’ umugambwe uri k’ubutegetsi CPP, Sok Eysan avuga ko badafise amakenga ku bishobora kuyavugwako. Ati ahubwo “ivyavuye mumatora vyerekana ko habaye itambwe ya demokarasi muri Cambodge aho abanyagihugu bakoresheje uburenganzira bwabo bwo guhitamwo kazoza k’igihgugu cabo.” Umushikiranganji mukuru wa Cambodge Hun Sen yari asanzwe atwaye igihugu imyaka 33, agiye kwongerako gutegekeka iyindi myaka itanu atayindi migwi nyayo ihangana nawe.    

from Voice of America https://ift.tt/2K4OEpz
via IFTTT

No comments:

Post a Comment