Mexike: Abantu 85 Barakomeretse mw'Isanganya y'Indege

Abantu 85 barakomeretse inyuma y’aho indege barimwo ikorokeye mu buraruko bwa reta ya Durando mu gihugu ca Mexique, ariko ntabahasize ubuzima, nkuko abategetsi babishikiriza. Iyo ndege yakorotse inyuma y’iminota mike ihagurutse ku musi wa kabiri ivuye ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Durango yerekeza ku murwa mukuru wa Mexico City. Ibihe bibi mu kirere niyo nyabaye intandaro y’iryo sanganya. Abantu 97 nibo bari muri yo, hamwe n’abandi bane bayikoramwo.

from Voice of America https://ift.tt/2AvpCQM
via IFTTT

No comments:

Post a Comment