Bombe Yahitanye 11 muri Afuganistani

Abategetsi muri Afganistani batangaza ko abagwanyi bateye inzego z’umutekano n’inyubakwa za reta m’uburengero bw’igihugu. Bavuga kandi ko abo bagwanyi bishe, bongera bakomeretsa abantu batari bake.   Mu ntara ya Farah, abategetsi bavugako bombe yaturikiye ku nzira mu gitondo c’uno musi wa kabiri, yahitanye abantu cumi n’umwe bari mu muduga wunguruza abantu, yongera ikomeretsa abandi 40.  Umuvugizi wa reta muri iyo ntara ya Farah, Nasar Mehri yabwiye ijwi rya Amerika ko abakenyezi n’abana bari mu bahakomerekeye. Yagiriza kandi abagwanyi b’abatalibani kuba baheruka ku nyegeza mubutaka amabombe mu karere ka Bala Buluk. Avuga kw’intumbero yabo yari iyo kugira ibindi bitero ku inzego za Afganistani zijejwe umutekano.  Nta uwiyitiriye ibitero bikomeye vy’ayo mabombe. Inyuma y’amasaha make niho hagigwa ibindi bitero bikoma komye vyagizwe n’abantu biturikijejo amabombe, ku nyubakwa za reta mu buseruko bwa Afganistani, hagakomereka abantu cumi. 

from Voice of America https://ift.tt/2M6bf6Z
via IFTTT

No comments:

Post a Comment