Umubonano Hagati ya Trump na Rouhani Urashoboka?

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kuri uyu wa mbere yamenyesheje ko yiteguriye kuganira na Irani ataco arinze gusaba. Trump, yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru arikumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giuseppe Conte, ari mu rugendo i Washington. Trump yashikirije ko imibonano aheruka kugirana n’abategetsi ba Koreya ya ruguru Kim Jong Un na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin ari uburorero bw’uko ashobora kuvugana n’abakuru b’igihugu bibangamiye inyungu n’umutekano wa Reta zunze ubumwe z’Amerika. Abakurikiranira hafi ibintu bavuga ko uwo mubonano hagati ya Perezida Trump na Rouhani wa Irani utitezwe vuba, kuko ngo Trump yarigeze kugerageza kubonana na Rouhani ariko ntivyakunze. Ibindi bihugu vyateye umukono ku masezerano ya Nikleyeli biriko birakorana na Irani mu ntumbero yo kuraba ko ayo masezerano atogenda akagirire mugihe Amerika yo yatanguye kwongera gufatira ibihano Irani, bikazotangura gushirwa mu ngiro mu kwezi kwa munani.

from Voice of America https://ift.tt/2LGkv5o
via IFTTT

No comments:

Post a Comment