Abamenyeshamakuru Batatu b'Abarusiya Bariciwe muri Centrafrika

Abamenyeshamakuru batatu b’Abarusiya barishwe baguye mu mutego w'abantu bataramenyekana muri Republika ya Centrafrika, ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa kabiri. Ubutegetsi muri Centrafrika buvuga ko abo batatu biciwe hanze y’igisagara ca Sibut. Ubutegetsi bw’Uburusiya buvuga ko ibiziga vyaciye bitwarwa ku murwa mukuru Bangui kugira mu nyuma bitahukanwe mu Burusiya. Nta muhari n’umwe uremanga ko ariwo wabishe ndetse n’ico boba barahowe ntikiramenyekana.

from Voice of America https://ift.tt/2NWeUon
via IFTTT

No comments:

Post a Comment