Zimbabwe: Nelson Chamisa Atangaza ko Yatsinze Amatora

Abanyazimbabwe bararindiye ibiva mu matora ashobora guhindura ibintu ku vyerekeye ubutunzi bw’igihugu bwasanzaye. Abitegereza ibintu ku murwa mukuru wa Zimbabwe, Harare, bavuga ko ata bibazo biboneka vyibonekeje igihe ibibanza vy’amatora vyugara mu masaha akuze yo ku muhingamo wo ku musi wa mbere. Elmar Brock, ayoboye indorerezi z’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, yatangaje ko amatora yabaye ata kibazo na gitoyi mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Yamara avuga ko mu bindi bice amatora yaranzwe n’akajagari gakomeye cane. Ijwi ry'Amerika ryaragendeye ibibanza vy’amatora bitatu ku murwa mukuru, Harare mu gihe ibibanza vy’amatora vyariko birugara. Ryamenyesheje kw’igitigiri c’abitavye amatora cari hagati y’ibice 85 n’ibice 92 kw’ijana. Abakozi bari mu bibanza vy’amatora n’indorerezi ziserukira imigambwe bamenyesheje ko ata bibazo bigaragara vyibonekeje umusi wose amatora yamaze. Amatora y’ejo ku musi wa mbere muri Zimbabwe yahuje abakandida babiri bakomeye bahiganwa, Prezida Emmerson Mnangagwa, n’umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Nelson Chamisa. Prezida, Emmerson Mnangagwa, ayoboye umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF, yatoreye hanze y’umurwa maukuru, Harare. Nelson Chamisa, ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta, Movement for Democratic Change, mu mpfunyapfunyo, MDC, yakiwe n’abantu bari mu kamwemwe, igihe yashika mu kibanza yatoreyemwo ku murwa mukuru, Harare. Muri ico gihe, umutegetsi wo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, MDC, Tendai Biti yatangaje uno musi ku wa kabiri, ko umuyobozi w’uwo mugambwe, Nelson Chamisa, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu. Tendai Biti avuga ko ivyavuye mu matora vyerekana ata nkeka ko batsinze amatora. Ko prezida agiye kuyobora Zimbabwe ari Nelson Chamisa.

from Voice of America https://ift.tt/2mZGfuz
via IFTTT

No comments:

Post a Comment