Trump: Ibikorwa vya Reta Bishobora Kwongera Guhagarikwa

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yagabishije kuri uyu w’Imana ko ashobora guhagarika ibikorwa vyose vya reta mu gihe abashingamateka batokwemeza amafaranga yasavye yo kwubaka uruhome ku rubibe n’igihugu ca Mexique, kugira abuze abinjira muri Amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Trump, mu butumwa bwiwe bwa Twitter yongeye kuvuga ko Amerika ikwiye kwemerera abantu binjira ku butaka bwayo, ar’uko babikwiye, kandi bafise ico baterera. Trump mugihe co kwiyamamaza mu matora yo muri 2016, yemeye ko azokwubaka uruhome, rushobora gutwara imiriyaridi 20 z’amadolari ariko inama nshingamateka yamuhaye ayatarenga umuriyaridi umwe n’imiliyoni amajana atanu. Trump agabishije guhagarika imirimo ya reta mugihe amafaranga reta iheruka guhabwa n’abashingamateka ngo ikoreshe aherana no mu mpera z’ukwezi kw’icenda, mugihe kandi kw’itariki 6 z’ukwezi kwa cumi na kumwe 2018, Amerika izotunganya amatora y’abashingamateka yo hagati ya manda y'umukuru w'igihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2K51tQN
via IFTTT

No comments:

Post a Comment