Mur’ico kiganiro, umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta Philippe Nzobonariba, yagarutse ku vyegeranyo n’amanama biraba Uburundi vyo mur’ uku kwezi hamwe n’uguheze. Ahereye ku vyabaye vuba, Nzobonariba yavuze ku rugendo rwa Michel Kafando, intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi yarangije kur’ uyu wa kane, ku ngingo y’inama nshingamateka y’ibihugu vya Bulaya yo kugumiza ibihano ku Burundi yo kuwa 6, uku kwezi, ku nama y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika yabereye i Addis Abeba muri Ethiopia, ku magenekerezo ya 3 na 4 uku kwezi no ku cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH casohotse kw’itariki ya 4 uku kwezi. N’ubwo ico cegeranyo cavuze kw’ abantu bapfuye mu kiringo c’imyaka ibiri bagera ku 1200, Reta ikavyiyamiriza, har’ ico yashimyemwo. Imbere y’uko babikuramwo ariko, Reta ntihakana ko hari ivyaha bikorwa mu gihugu. Afatiye ku cegeranyo c’umurwi w’igihugu wigenga w’agateka ka zina muntu CNIDH wavuze kw’ abantu barenga 400 bishwe mu mwaka uheze, Nzobonariba yasavye abakorerwa amabi kubimenyesha. N’aho umuvugizi wa Reta ashima iki cegeranyo ca CNIDH, bamwe mu bashingamateka nticabaguye neza. Nzobonariba yanagarutse ku myidogo y’igipolisi kivuga ko gifata abagizi ba nabi bakarekurwa n’ubutungane badahanywe. Philippe Nzobonariba yemeje kandi ko Reta yiteguriye kwitaba ibiganiro umuhuza Mkapa niyasubira kubitumako. Ariko n’ubu ingendo ni ya yindi, umuvigizi wayo yavuze kw’ itazicarana n’abashatse guhirika ubutegetsi mu 2015, canke abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi. N’inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Eloge Willy Kaneza, ari i Bujumbura.
from Voice of America http://ift.tt/2tTSr2r
via IFTTT
No comments:
Post a Comment