Umwibizi karuhariwe wa Thailande yari mu bariko barafasha gutabara abana b’abahungu 12 bakina umupira w’amaguru hamwe n’umumenyereza wabo bagotewe mu muhora wo mu kuzimu mu buraruko bw’igihugu yarapfuye kubwo kubura impwemu za Oxygene. Abategetsi bavuga ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Samarn Poonan, yahora akorera igisirikare ca Thailande gikorera mu mazi. Abaye umuntu wa mbere apfuye muri ico gikorwa co kugerageza kurokora abo bana, kigira kimare indwi zibiri. Mugihe bivugwa ko ibihe biri imbere bishobora kurangwa n’imvura nyinshi, abategetsi bariko barondera ubundi buryo bwo gutabara abo bana n’umumenyereza wabo babacishije ahari amazi atekanye.
from Voice of America https://ift.tt/2KBXkbT
via IFTTT
No comments:
Post a Comment