Ubwoba muri Kaminuza y'Uburundi

Bamwe mu banyeshure baba mu kigo ca kaminuza y'Uburundi iri  ku  Mutanga batewe ubwoba n’inyandiko zitagira umukono  zikwiragizwa zikongera zikamanikwa mu bibanza bitandukanye vy'ico kigo.  “Ibipinga muri benshi hano muri kaminuza y’Uburundi ariko n’uburo barabusya. Twaragifashe ntitukirekura. Tuzobashira ku murongo mukinda mugaramye. Kandi mwaraye mu vyiboneye, uwudashaka kuja ku murongo nta kibanza afise ngaha. Amajigo twaraye tuyahongoye n’amabwena turayagabishije, uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma.” Uko niko izo mpapuro zanditsweko. Abanyeshure bavuganye n’Ijwi ry’Amerika basanga izo mpapuro zifitaniye isano n’akarwi k’abanyehsure bamaze igihe barara barakizura bategera abatashe bwije rimwe na rimwe bakabakubita. Ikindi bibaza, ni uko bifitaniye isano n'abanyeshure baheruka kwirukanwa mu buryo budasobanutse.  Celestin Nibona Bonasize ajejwe umutekano muri kaminuza yavuze ko ivy’izo mpapuro zitagira umukono atavyo  azi . Mu gihe hari abemeza ko abo banyeshure bagirizwa izo mpapuro no gukizura mw'ijoro begamiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, abatewe ubwoba n'izo mpapuro  basaba ko umutekano wo mu kigo cabo  ucungerwa n’abajejwe ku wucungera ku rwego rw’igihugu ha gucungerwa n’abanyeshure    

from Voice of America https://ift.tt/2KYqT75
via IFTTT

No comments:

Post a Comment