Umugizi wa nabi karuhariwe azwi cane mubufaransa yatorotse ibohero yari afungiwemwo. Uwo mugabo atorotse ibihero inyuma yaho abantu batatu bari bitwaje ibigwanisho bikoma komeye baje kw'ibohero yari afungiwemwo baramutwara muri kajugujugu. Redoine Faid w’imyaka 46, yari afunguwe igihano c’umunyororo w’imyaka 25 kubera ukwica umupolisi aho yariko agerageza gusahura ibintu mu mwaka wi 2010. Nicole Belloubet umushikiranganji w’ubufaransa ajejwe ubutungane avuga ati “Ukwo gutoroka kwabaye igikogwa gitanganje cane. Igikogwa cari giteguwe kandi neza muburyo bwa gikomando, kuburyo abagikoze bashobora kuba baranakoresheje indege za Drone zidakenera abadereva, kugira bagenduze akarere imbere yo kugikora. Iyo kajugujugu yakoreshejwe mu gutorokesha Faid, bayitoye mukarere ka Garges-les-Gonesse mubigwati vy’uburaruko bw'igisagara ca Paris bayituriye. Si ubwa mbere uwo mugabo Faid atoroka ibohero. Mu mwaka wi 2013 yaturikije igisasu bita dinamite mu gutoroka ibohero riri muburaruko bw’ubufaransa. Igipolisi camufashe inyuma y’indwi zitandatu.
from Voice of America https://ift.tt/2KDUJxm
via IFTTT
No comments:
Post a Comment