Sudani y'Epfo: Bumvikanye Kugira Ba Visi Prezida Bane

Abategetsi ku mpaze zibiri zimaze igihe zitana mumitwe muri Sudani y’epfo baraye bapfunditse amasezerano y’amahoro asubiza Riek Machar yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu mumabanga yiwe. Ayo masezerano azanye akizero yuko intambara yari imaze imyaka itanu muri ico gihugu ishobora guhagarara. Inyuma yaho bashize umukono kuri ayo masezerano y’umwumvikano yari ahagarariwe na prezida w’Ubuganda Yoweri Museveni na prezida wa Sudani Omar al-Bashir, umushikiranganji wa sudani y’epfo ajejwe imigenderanire n’amakungu Al-Dierdiry Ahmed, yasohoye itangazo avuga ati “Amasezerano yapfunditswe yashizeho ivyegera vy’umukuru w’igihugu bine.  Babiri n'abari bahasanzwe, hongeweho Riek Machar agiye mukibanza c’icegera cambere c'umukuru w'igihugu, hongerwaho uwugira kane akaba ari umukenyezi wo mu migwi y’abatavuga rumwe na reta. Ayo masezerano agamije guhagarika iyo ntambara yatanguye mu mwaka wi 2013 aho haba ukutumvikana hagati y’umukuru w’igihugu Salva Kiir n’icegera ciwe ico gihe Reik Machar. Yamara amasezerano asa nk’ayo baraye bapfunditse yari yarashizweko urukumu mu mwaka wi 2015 ariko inyuma y’umwaka umwe ntiyubahirizwa. Intambara muri Sudani y’epfo imaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi yongera itesha ingo abandi imiriyoni zine. Abangana n’imiriyoni zibiri basavye ubuhingiro muri Uganda, Kenya, Ethiopia, Sudani na Republica ihanranira Demikarasi ya Congo.   

from Voice of America https://ift.tt/2KRr8AF
via IFTTT

No comments:

Post a Comment