Mugabe Ntatora Umugambwe ZANU PF mu Matora yo kuri uyu wa Mbere

Robert Mugabe yahoze ari Perezida wa Zimbabwe, yatangaje kuri uyu w'Imana ko atazotora umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF, mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuri uyu wa mbere. Yabitangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa yiwe ku murwa mukuru Harare . Aya matora abaye aya mbere mu kiringo c’imyaka 38 atarimwo Mugabe nk’umukuru w’umugambwe ZANU-PF. Mugabe, w’imyaka 94, yatanze imihoho agondojwe n’igisirikare. Abajijwe igituma atazotora uwo mugambwe, Mugabe yishuye ko atumva ingene yotora umugambwe watumye aba uko ameze muri iki gihe. Yavuze kandi ko we n’umuryango wiwe bafashwe nabi mu mezi indwi amaze atembegerijwe ubutegetsi. Naho abakandida biyandikishije guharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu ari 23, abagaragaye ko bafise ijunja mu bikorwa vyo kwiyamamaza ni Emmerson Mnangagwa wa ZANU-PF na Nelson Chamisa wo mu mugambwe MDC ukomeye mu migambwe itavugarumwe n’ubutegetsi wahozwe urongowe na Morgan Tsvangirai yapfuye mu kwezi kwa kabiri, 2018.

from Voice of America https://ift.tt/2vdi1R7
via IFTTT

No comments:

Post a Comment