Abategetsi muri Afrika bari muri Mauritaniya munama rukokoma zizomara imisi ibiri. Abo bategetsi bazoganira ibijanye no kugwanya ruswa n’ibindi bibazo bihanze umugabane wa Afrika harimwo n’umutekano. Aho yugurura icese ayo manama, umukuru w’igihugu ca Mauritaniya Ould Abdel Aziz yaragabishije ko ikibazo c’umutakano kitifashe neza muri ako karere. Ni mugihe abantu bane bari baherutse kwicwa mugitero cagizwe ku basirikare b’abafaransa bajejwe umutekano mu gihugu ca Mali. Prezida Aziz asaba ko hafatwa ingingo zikomeye mu bijanye no kugwanya iterabwoba. Avuga ati, " Intambwe nziza zizova mu kuja hamwe tugutorera umuti ibibazo vy’ubutunzi n’ibijanye n'ubuzima bwa misi yose, bigenda bituma urwaruka rufata inzira z’ubugizi bwa nabi. Ivyo prezida Aziz abivuga mugihe igihugu ca Mali kimaze imisi gihanzwe n’umutekano muke. Igitero cabaye kuri uno musi wa mungu, cabaye imisi mike inyuma yaho habaye ikindi gitero cagizwe n’abagwanyi b’aba islamu bateye ibiro bikuru vy’inteko z’umuryango ugizwe n'ibihugu bitanu vya Afrika I Bamako. Ico gitero cahitanye abantu batandatu. Muri iryo huriro ry'imisi ibiri, abategetsi ba Afrika biteguriye kandi kuganira kunzira y’amahoro mu gihugu ca Sudani y’Epfo hamwe n’umwumvikano hagati ya Ethiopiya na Eritreya. Abo bategetsi biteze kandi kuganira kumatora y’abakuru b’ibihugu y’imirije kuba muri Mali, Cameroon, Republika iharanira Demokarasi ya Congo na Zimbabwe.
from Voice of America https://ift.tt/2lMjdGI
via IFTTT
No comments:
Post a Comment