Amatora ya Perezida muri Mali

AbanyeMali bitavye amatora y’umukuru w’igihugu kuri uyu w’Imana yaranzwemwo ibitero mu bibanza vyo gutoreramwo mu bice bisanzwe birangwamwo ubwicanyi bufatiye ku moko hamwe n’iterabwoba. Guharura amajwi biza vyatanguye muri bimwe mu bibanza ibihumbi 23 vyugaye imbere. Ibiharuro vya mbere vyitezwe mu masaha 48 mugihe ibiharuro vya nyuma bizotangazwa hatarenze ku musi wa gatanu. Perezida Ibrahim Boubacar Keita, w’imyaka 73, ahiganwa n’abandi bakandida 24 barimwo umukenyezi. Keita, yatowe mu mwaka w’2013, yagirizwa n’abo batavugarumwe muri poritike, abahoze ari abashikiranganji batari bake ko yananiwe no gutwara kandi atashoboye kubungabunga umutekano mu gihugu. Abanyahihugu bashika amajana atatu barishwe mu mishamirano hagati y’amoko muri uyu mwaka wonyene. Mugihe atanumwe yotsinda ku majwi arenga 50 kw’ijana, ayandi matora azoca atunganwa kw’itariki 12 z’ukwezi kw’umunani.

from Voice of America https://ift.tt/2uYG4E9
via IFTTT

No comments:

Post a Comment