Reta ya Etiopiya yarakuye mu kazi abategetsi batanu bakora mu mabohero, inyuma y’aho hasohokeye raporo igaragaza ihohotera rya kiremwa muntu muri imwe mu mabohero y’igihugu. Abo batanu basezerewe ejo ku musi wa kane barimwo umukuru w’amabohero yose mu gihugu. Bakuwe mu kazi inyuma y’amasaha make ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu rifise iciraro muri Amerika, Human Rights Watch risohoye raporo y’ihohotera rya kiremwa muntu ribera mw’ibohero ry’i Ogadan riri mu buseruko bwa Ethiopiya. Kuva atanguye amabanga yiwe mu kwezi kwa kane, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yarahinduye ibitari bike mu gihugu harimwo kubohora abamenyeshamakuru bose bari bapfunzwe, gukura ivyaha ku baharanira uburenganzira bwa muntu bagirizwa kunegura reta.
from Voice of America https://ift.tt/2tUhOm3
via IFTTT
No comments:
Post a Comment