Imigambwe irenga 30 itavugarumwe na reta muri Nijeriya yatangaje kuri uyu wa mbere ko yunze urunani rugamije kubuza Perezida Muhammadu Buhari kwongera gutorerwa manda ya kabiri ku butegetsi mu ntango z’umwaka uza. Abakuru b’imigambwe 39 yemewe n’amategeko, harimwo uwukomeye, People's Democratic Party (PDP), barateye umukono ku masezerano yo kwunga urunani rwo guhangana na Buhari mu matora yo mu kwezi kwa kabiri. Iyo migambwe ishikiriza ko ishobora gutanga umukandida umwe ku bibanza vyose, no mu nzego zose z'igihugu gushika kurw’umukuru w’igihugu. Buhari, w’imyaka 75, yashitse ku butegetsi muri 2015, yashikirije abakuru b’umugambwe wiwe ko arondera kwitoza ikindi kiringo c’imyaka ine muri ayo matora naho akuze mu myaka kandi akitswe n’amagara.
from Voice of America https://ift.tt/2L2XFnL
via IFTTT
No comments:
Post a Comment