Reta ya Amerika Irujuje Iminsi 11 Idakora Kubera Uruhome

Iminsi cumi n'umwe irarumanye hari imirirmo imwe imwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika itariko irarangurwa kubera abashingamateka b'Abademokrate n'Abarepublikane batarashobora kwunvikana ku mafaranga yoshirwa mu mugambi wa Perezida Donald Trump wo kubaka uruhome rugabura Amerika na Mexique. Ku munsi wa kane w'indo ndwi inama nshingamateka nshasha izoba igwiriyemwo Abademokrate izorahirira manda y'imyaka ibiri. Vyitezwe ko Abademokrate baca biga integuro y'itegeko ririmwo amafaranga Reta izokoresha, integuro ishobora gutuma imirimo ya Reta yongera gutangura. Mu gihe  iyo nteguro ishobora kuba itarimwo amafaranga azokoreshwa mu kwubaka uruhome rugabura umupaka Amerika ihana na Mexique, Perezida Trump abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ko umutekano w'igihugu udashoboka uruhome rugabura Amerika na Mexique rutabonetse. Umupfasoni Nancy Pelosi agiye kuzoramutswa  inama nshingamateka na Chuck Schumer asanzwe atwara Abademokrate bari ku rushi mu nama nkenguzamateka barasohoreye hamwe itangazo ku musi wa mbere risaba Abarepublikane gushigikira integuro y’itegeko batunganije. Perezida Trump ashaka ko abashingamteka baba baramuha imiliyaridi 5 z’amadolari ku yarenga miliyaridi 20 azokoreshwa ku vyerekeye uruhome ku nkengera z’urubibe na Mexique. Abademokrate bemeye gutanga umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu.  

from Voice of America http://bit.ly/2F2yY7p
via IFTTT

No comments:

Post a Comment