Tanzaniya yatsinze Igikombe ca CECAFA c'Abari Musi y'Imyaka 17

Naho imvura itoroheje urukino rw’uno musi, abarorerezi bari buzuye ikibuga c’umupira w’amaguru citirewe ingoma  kiri mu gisaagara ca Gitega. Abarorerezi b’abarundi bari biciyemwo  imirwi ibiri, bamwe bashigikiye umurwi wa Tanzaniya, abandi bashigikiye igihugu ca Somaliya. Urukino rurangiye, Yusufu Mosi , ajejwe amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi “FFB”, avuga ko Tanzaniya yari yiteguye bikwiye kugira itware ico gikombe. Vyabaye ubwa mbere inkino mpuzamakungu zibera hagati mu gihugu c’Uburundi. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Gitega bavuga ko baryohewe cane kubona n’urukino rurangiza ihiganwa rya CECAFA  rubera mu ntara ya Gitega. Haba abadandaza bakorera mu ntara ya Gitega, abakinyi basanzwe bakinira  umupira w’amaguru mu ntara ya Gitega, urwaruka bose beremeza ko izo nkino zagize ico zibasigira . Ahmad ahmad, arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika ” CAF “yashimiye Reveriyano Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Mu kumushimira ukuntu iryo higanwa ryatunganijwe, Ahmad Ahmad yamuhaye igikombe c’iteka kivuye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afurika“CAF”. Igikombe ca “CECAFA” c’abana bari musi y’imyaka 17 c’uno mwaka kirangiye ku ntsinzi ya Tanzaniya, ikirikirwa na Somaliya. Mu rukino rwo kurondera ikipe igira gatatu rwabereye ingozi ku musi wa gatandatu, Kenya yatsinze Ubuganda ibitsindo 4/1, iyo ntsinzi ica ishira Kenya mu kibanza catatu, ubuganda butahana ikibanza ca Kane. Uburundi bwatunganije izo nkino, bwo bwatashe buca kuko bwasezeye iryo higanwa mw’ikuranamwo rya mbere: I Gitega, Fidele d'Antoine, Ijwi rya Amerika:        

from Voice of America https://ift.tt/2raPA42
via IFTTT

No comments:

Post a Comment