Abarorerezi Mva Makungu Bazokurikira Amatora ya Kamarampaka mu Burundi?

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, mu nama yo kuri uno wa gatanu  n’abanyamigambwe bazokwiyamamariza amatora ya kamarampaka ategekanijwe itariki ya 17 ukwezi kwa gatanu, wavuze ko imyiteguro y’ayo matora igeze kure. Pierre Claver Ndayicariye arongoye CENI, yabwiye abo banyamigambwe ko uyo murwi uri mu bikorwa vyo gushikana ibikoresho bizokoreshwa mu ntara zo hagati mu gihugu no kwakira dosiye z'abashaka kuba abarorerezi ku rwego  rw’igihugu n’intara . Mu gihe imwe mu migambwe yitabiriye iyo nama nka APDR, yamenyesheje ko hari abanywanyi bayo bari mu mahanga bipfuza kuzohagarikira ayo matora babuze aho biyandikisha, Pierre Claver Ndayicariye yasiguyeko CENI ata burenganzira ifise bwo kwemerera abarorerezi mva makungu canke Abarundi bari mu mahanga bashaka kuyahagarikira. Pierre Claver Ndayicariye mu majambo yiwe yagize ati: ‘‘yaba abera, abirabura abo hanze uyu mwaka bazotumirwa na reta y’Uburundi, kandi badatumiwe ntacishe ibere” Mw’ishirahamwe ryishinze gukurikirana amatora n’amatati akomoka kuri yo, ONELOP Burundi, basanga hari agahaze: Gilbert Becko Njangwa aramutswa iryo shirahamwe, avuga ko abarorerezi mva makungu badatumirwa ahubwo basaba uruhusha rwo gukurikirana ayo matora. 

from Voice of America https://ift.tt/2jbG2Cy
via IFTTT

No comments:

Post a Comment