Boko Haram Yishe Bane muri Nijeriya

Abantu 4 bishwe n’abiyahuzi b’umurwi Boko Haram bagize igitero mu gisagara ca Maiduguri, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Ugutana mu mitwe kwabareye ku nkengera z’igisagara ca Maiduguri, mw’ijoro ryo ku musi wa kane. Hari ibimenyetso vyerekana ko abarwanyi bariko barondera gushikira ikambi y’igisirikare ya Giwa iri muri ico gisagara aho abantu bikekwa ko ari abarwanyi bapfungiwe.  Bashir Garga, akora mu rwego rw’igihugu rujejwe gutabara vyihutirwa, avuga ko abanyagihugu ataco bazira bane bapfuye muri ukwo gutana mu mitwe hagati y’inteko za reta n’abarwanyi. Amenyesha ko mu bakomeretse, ata numwe muri bo yakomeretse bikomeye.  Abiyahuzi bane bitwaje amabombe nabo nyene barapfuye igihe bariko bagerageza guturitsa ayo mabombe. Ibiziga vy’abapfuye vyajanywe mu bitaro vyo mu gisagara ca Maiduguri. Umutekano uvurwako wagarutse muri ako karere. Igitero co ku musi wa kane catujijwe n’inteko za reta, kiri mu bitero bigirwa gake cane n’umurwi Boko Haram mu bisagara.  Amakuru atangwa n’abajejwe iperereza atangaza ko abarwanyi b’intagondwa z’abayislamu barenga ijana bashobora kuba bagize uruhara mu gitero co ku musi wa kane.

from Voice of America https://ift.tt/2HAYyyA
via IFTTT

No comments:

Post a Comment