Ba Perezida Trump na Buhari Babonanye i Washington

Prezida w’igihugu ca Nieriya, Muhammadu Buhari, yabonanye uno musi ku wa mbere na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump. Ni urugendo rwa mbere rugizwe n’umukuru w’igihugu wo muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara ku ntwaro ya Prezida Trump. Abo bategetsi babiri baganiye ku kibazo c’iterabwoba n’ubutunzi muri Nijeriya, igihugu gifise abantu benshi cane mu karere ka Afrika. Nijeriya ifise abantu bagera hafi y’imiliyoni 200. Nijeriya carageramiwe n’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, Boko Haram. Uwo murwi watanguye ingwano haheze imyaka icenda. Ufise imigambi y’ugushiraho intwaro igendera ku mategeko ya kiyislamu. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barishwe, abanyeshule b’abigeme amajana n’amajana baranyuruzwa. Ivyo vyabaye mu gihe umurwi Boko Haram wariko umenyekana ku bubisha bwawo kandi wariko ukwiragira mu bihugu bibanyi vya Nijeriya. Boko Haram n’umwe mu mirwi yageramiye bikomeye cane mu myaka ya vuba akarere ka Sahel mu burengero bwa Afrika. Mu mwaka uheze, reta ya Prezida Trump yameye kugurisha krui Nijeriya indege za kajugujugu za gisirikare zikoresha ubuhinga bukomeye bwa none z’agaciro k’imiliyoni 600 y’amadolari. Ayo mafranga arimwo kandi ibikoresho bigenewe gufasha mu bikorwa vya gisirikare vya Nigeriya ku murwi Boko Haram na Reta ya kiyislamu. Vyitezwe ko prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari, yimirije gusubira kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu, asaba Reta ya Amerika gufasha igihugu ciwe kurushiriza mu vya gisirikare. Ivyo kugira ashire mu ngiro umuhango yatanze igihe yariko yiyamamariza kuba prezida w’ukuzimanganya umurwi Boko Haram.  

from Voice of America https://ift.tt/2r9ZnIr
via IFTTT

No comments:

Post a Comment