Perezida Trump Yabonanye na Chanceliere w'Ubudage

Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yagendeye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, uno musi ku wa gatanu. Ari mu rugendo rw’umusi umwe aho abonana na Prezida Donald Trump.  Inama hagati y’abo bategetsi babiri izoba ikwirikiye urugendo rw’imisi itatu prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron aherutse kugira muri Amerika.  Urugendo rw’abo bategetsi babiri rubonwa nk’akigoro k’ukugerageza kwumvisha Prezida Trump kudaheba amasezerano amakungu yagiranye n’igihugu ca Irani ku mugambi w’ico gihugu werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.  Mu gihe vyibonekeje ko imigenderanire hagati ya ba Perezida Trump na  Macron yari rifashe neza igihe yagira urugendo rwiwe i Washington, ku vyerekeye Angela Merkel siko ibintu vyifashe.  Igihe Merkel yabonana ubwa mbere na Trump inyuma y'uko amaze kurahira mu mabanga ya prezida, mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2017, ukuboko kwiwe kwaheze mu nzira igihe yari arindiye ko Trump amuha ukuboko.  Trump na Merkel ntibavuganye mu kiringo c’amezi atanu. Bavuganye kw’itelefone kw’italiki imwe y’ukwezi kwa gatatu.  Mu gihe Prezida Macron arondera guhendahenda Perezida Trump, Angela Merkel ivyo sivyo ashimikirako. Ivyo ashira imbere n’ibibazo n’inyungu ibihugu vyabo bihuriyeko.

from Voice of America https://ift.tt/2HwAUaD
via IFTTT

No comments:

Post a Comment