Pompeo: Irani Ishigikiye Reta y’Abicanyi ya Assad

Umushikiranganji wa Amerika mushasha ajejwe imigenderanire n’amahanga yashikirije amajambo akomeye mu rugendo rwiwe rwa mbere kuva ashitse mu mabanga yiwe ku musi wa kane.  Mike Pompeo, yaraye atanguye ingendo ziwe mu bihugu vy’Abarabu bicuditse na Amerika. Ivyo bihugu bikaba ari Arabiya Sawudite, Israel na Yorodaniya. Pompeo yahereye i Riyadh ku mugwa mukuru wa Arabya Sawudite.  Pompeo yavuze ati: “Irani ihungabanya umutekano w’akarere kose. Ishigikira imirwi y’abitwaje ibirwanisho, hamwe n’abakora iterabwoba.” Ati kandi “Niyo ironsa ibigwanisho abarwanyi b’aba-Houthi bo muri Yemen, kandi ishigikiye reta y’abicanyi ya Assad muri Siriya.”  Yongerako avuga ko Amerika ishobora kutazoguma mu masezerano yapfunditse n’ibihugu bikomakomeye kw’isi yerekeye umugambi wa Irani wo guhingura ubumara bwa Nikleyeli mu guhingura ibigwanisho ruhonyanganda. Ibikumu vyo kubandanya ayo masezerano vyimirijwe gushirwako itariki cumi na zibiri z’ukwezi kwa gatanu uyu mwaka Pompeo yavuze ati: “Tugiye kubandanya dukorana n’ibihugu vya buraya bicuditse na Amerika kugira duhinyanyure ayo masezerano, ati ariko ni bitakunda, umukuru w’igihugu yavuze ko azoca akura Amerika muri ayo masezerano.”  

from Voice of America https://ift.tt/2JFXgTK
via IFTTT

No comments:

Post a Comment