Polisi Ya Uganda Yagunduye Ahatangirwa Inyigisho z'Iterabwoba

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Uganda batangaje ko bishe abantu babiri, babasanze mu kigo coba gitangigwamwo inyigisho z’abatwarwa mu mirwi ikora iterabwoba. Polisi ya Uganda yemeza ko muri ico kigo kiri ahari isengero y’aba islamu mu gisagara ca Kampala, yahasanze abaharurwa mw'ijana  harimwo abana 94 n’abapfasoni 18 bari bagizwe imbohe bahabwa izo nyigisho. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Uganda, Jeje Odong, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amatohoza y’ibanze yerekana ko muri abo bariko bahabwa inyigisho, harimwo abaturuka mu Burundi, mu u Rwanda, kenya na Uganda,  bari bafise ubwoba bwinshi n’ibimenyesto vy’ihahamuka. Emilian Kayima, avugira polisi ya Uganda yavuze  ko amakuru y’ibikorerwa muri ico kigo bayamenye ejo ku wa gatanu, aho bariko bakurikirana umugabo ahirwa n’ubutungane yagirizwa kunyuruza umupfasoni w’umugandakazi imbere y’ukumwica mu kwa kabiri. Abagera kuri 36 bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, polisi yabasanganye ibisasu, inkinzo n’ibipanga.    

from Voice of America https://ift.tt/2vUB7yR
via IFTTT

No comments:

Post a Comment