Sekreteri wa Leta w'Amerika Yagiye mu Nama ya OTAN

Umushikiranganji mushasha ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, yeretse ikimenyetso gikomeye ibihugu bicuditse na Amerika biri mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN. Yagiye uno musi kuwa gatanu ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububiligi, Bruxelles mu nama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba OTAN. Ivyo amasaha makeyi inyuma y'uko yemejwe mu mabanga yiwe mashasha.  Mike Pompeo avuga ko ivyo OTAN ishaka gushikako bikomeye cane kandi bifise insiguro ikomeye cane kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Pompeo avuga ko Prezida Donald Trump yamusavye ko yitaba iyo nama yayo.  Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jen Stoltenberg, n’abandi bategetsi i Bruxelles bahayagije ingingo ya Mike Pompeo y’ukwihutira kuza mu biganiro vy’ishirahamwe OTAN. Atangaza ko vyerekana akamaro gakomeye k’iryo shirahamwe.  Abitegereza ibintu bavuga ko ingingo y’umushikiranganji ajejwe imigenderanire mushasha wa Amerika y’ukwitaba inama ya OTAN ari ingingo ikwiriye, mu gihe umwuka mubi utera wiyongera hagati ya OTAN n’Uburusiya, ari co kibazo bisa nuko kizoshimikirwako kurusha ibindi.

from Voice of America https://ift.tt/2r54gTd
via IFTTT

No comments:

Post a Comment