Prezida Wa Nijeriya Mu Rugendo i Washington

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari yiteguriye kubonana na prezida wa Amerika Donald Trump kur’uyu wa mbere I Washington.  Abo bategetsi babiri biteguriye kuganira ku kibazo c’iterabwoba n’iterambere ry’ubutunzi muri Nijeriya, igihugu ca mbere gifise abanyagihugu benshi muri Afrika. Nijeriya igizwe n’abanyagihugu imiriyoni amajana abiri.  Igihugu ca Nijeriya kimaze igihe gihanzwe n’ibitero vy’umugwi w’iterabwoba wa Boko Haram watanguye ibitero vyawo haciye imyaka icenda. Uwo mugwi ufise umugambi wo gushinga reta igendera kumategeko y'idini rya ki Islamu. Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze kwicwa, abana b’abakobwa amajana n’amajana baranyuruzwa. Boko Haram yagiye urakomera mu myaka iheze uhava ijabuka kugira ibitero mu bihugu bibanyi na Nijeriya mu karere k’uburengero bwa Afrika ka Sahel. Mu mwaka uheze, reta ya Trump yiyemeje guha imfashanyo y’amamiriyoni amajana atandatu y’amadolari igihugu ico gihugu. Ayo mafaranga agenewe gufasha Nijeriya kugura indege zo mu ngwano zigezweho, ibikoresho vyo kugwanya Boko Haram n’abagwanyi baharanira reta ya ki Isialmu. Iyo mfashanyo izofashisha kandi Nijeriya kugura ivyuma vyo kugwanya ikoreshwa ry’ibiyayurabwenge mu gihugu, gusuzuma igurushishwa ry’ibigwanisho n’abantu bitemewe n’amategeko.  Uwo mugambi wa Amerika wo gufasha Nijeriya wahagaritswe kuri reta ya prezida Obama, yagirije igihugu ca Nijeria kuba caranzwemwo ihonyagwa ry’agateka ka muntu.

from Voice of America https://ift.tt/2vWiQ4l
via IFTTT

No comments:

Post a Comment