Uburusiya Bugiye Kwirukana Abadipolomate 60 ba USA

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Sergey Lavrov yatangaje ko igihugu ciwe kizokwirukana abadipolomate 60 ba Reta zunze ubumwe z’Amerika inyuma y’aho Washington itangarije ko yirukanye abadipolomate 60, mu ntumbero yo kwihora ingingo nk'iyo yafashwe n'Amerika mu misi iheze. Lavrov yatangaje ku musi wa kane ko Uburusiya nabwo nyene buzokwugara ibiro vya Consula vya Reta zunze ubumwe z’Amerika biri mu gisagara ca Saint Petersburg. Reta zunze ubumwe hamwe n’ibindi bihugu 20 vyafashe ingingo yo kwirukana abadipolomate b’Uburusiya inyuma y’aho Moscou yagirijwe kugomba kwicisha ubumara Umurusiya Sergei Skripal hamwe n’umukobwa wiwe mu ntango z’uku kwezi mu gisagara ca Salisburg c’Ubwongereza. Uburusiya bwarahakanye ko atari bwo bwabikoze buvuga ko vyakozwe n’iperereza ry’Ubwongereza kugira bacafuze igihugu c’Uburusiya.

from Voice of America https://ift.tt/2pQpkLW
via IFTTT

No comments:

Post a Comment