Miguna Avuga ko Yafashwe Bunyamaswa i Dubai

Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Kenya yatangaje ko yafashwe bunyamaswa agatwara I Dubai ku nguvu. Uyu musi ku wa gatanu, miguna Miguna yavuze ko yagumijwe ku kibanza c’indege co muri ico gisagara, yamara ngo afise umugambi wo  gusubira mu gihugu ca Kenya mu misi ya vuba. Sentare yo muri Kenya, ejo ku musi wa kane, yaraciriye ihadabu umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati hamwe n’umukuru w’igipolisi kubera batarengutse muri sentare kwisigura ku kuntu bavyifashemwo ku vyerekeye Miguna Miguna. Mu ntango z’uyu mwaka, Miguna Miguna yari ku ruhande rw’umukuru w’urunani rutavuga rumwe na reta ya Kenya, Ralia Odinga, igihe yatunganya ibirori vyo ku ruhande vyo kurahira nk’umukuru w’igihugu. Vyari mu mugambi wo kwiyamiriza itorwa rigira kabiri rya Perezida Uhuru Kenyatta. Mu nyuma Miguna yaciye arungikwa mu gihugu ca Canada ku nguvu. Yamara ingingo yafashwe na sentare yaciye iha amategeko abategetsi bo muri Kenya yo kumuha uburenganzira bwo kugaruka. Muri iyi ndwi, Miguna yaragerageje gusubira mu gihugu ca Kenya. Yamara aca apfungirwa mu kazu ka sugumwe ku kibanza c’indege c’I Nairobi mu kiringo kirenga umusi wose. Miguna avuga ko afise ubunyagihugu bwo muri Kenya na Canada. Abategetsi bo muri Kenya ntibemera ubwo bunyagihugu bwiwe. Amakuru yanditse uyu musi, avuga ko ikompanyi y’indege yamutwaye I Dubai yitwa Emirates yavuze ko yahawe amategeko yo kumutwara atagira impapuro z’ingenzi, ngo mu gihe ibirenzeko naho, ikimwa uburenganzira bwo kuguruka. Yavuze kandi ko iyo kompanyi y’indege yanse kumusubiza I Nairobi, kuko yagabishijwe ko izoca yimwa uburenganzira bwo kwuguruka.

from Voice of America https://ift.tt/2GGCmpO
via IFTTT

No comments:

Post a Comment