Botswana: Perezida Ian Khama Yemeye Kwubahiriza Manda

Perezida wa Botswana, Ian Khama yarangije mur’iyi ndwi urugendo mu gihugu cose rw’ugusezera imbere yuko ashikiriza ubutegetsi ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi.  Ariko ashimikira ku buyobozi bwiza n’umutekano mu gihugu mu rugendo rwiwe.  Perezida Khama yagendeye ibice mirongo itanu n’indwi vyose bigize igihugu ca Botswana kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri, aho yasezeye abanyagihugu imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri. Ivyo n’inyuma yuko arangije imyaka cumi irekuriwe n’ibwirizwa shingiro ku butegetsi.  Azosubirirwa n’icegera ca Prezida, Mokgweetsi Masisi mu kiringo c’amezi cumi n’umunani imbere y’amatora.  Ibiringo bibiri vya Prezida Khama ku butegetsi vyaranzwe n’iterambere ryihuta ry’ubutunzi bw’igihugu n’ubuyobozi bwiza.  Prezida Khama yamenyekanye nk’umutegetsi avuga ibintu adaciye ku ruhande, adakoresheje inyifato y’abanyepolitike mu bisanzwe. Yaranebaguye abategetsi batari bake harimwo Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump na Robert Mugabe igihe yari perezida w’igihugu ca Zimbabwe.  Ian Khama, mur’iki gihe afise imyaka 65, yarangirije urugendo mu gihugu cose ku musi wa kabiri mu gice ciwe c’amavuko ca Serowe, mu buseruko bw’igihugu. Abanyagihugu baho bamusavye kuguma ku butegetsi.  Prezida mushasha, Mokgweetsi Masisi azorahira ku musi w’Imana.

from Voice of America https://ift.tt/2uyGrHG
via IFTTT

No comments:

Post a Comment