Ba Perezida ba Koreya Zombi Bazohura mu Kwezi kwa Kane

Umutegetsi mukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, na prezida wa Koreya y’epfo, Moon Jae-in bazohura mu nama kw’italiki 27 z’ukwezi kwa kane.  Iyo taliki yashizweho uno musi ku wa kane mu nama hagati y’intumwa z’ivyo bihugu vyompi mu gice kiri ku rubibe ivyo bihugu bihana ca Panamunjonm. Ico gice kiri mu karere kaziririjwemwo abasirikare hagati ya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo. Abakuru b’ivyo bihugu bibiri babonanye kabiri gusa kuva bitandukanye. Ubwa mbere hari mu mwaka w’i 2000, ubwa nyuma naho mu mwaka w’i 2007.  Amasezeranao yerekeye inama hagati y’abakuru b’ibihugu vya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo yashitsweko inyuma y'uko Kim Jong Un agize urugendo rutari rwitezwe mu gihugu c’Ubushinwa. Ni rwo rugendo rwa mbere agize mu mahanga kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka w’i 2011. Hari inyuma y’urupfu rwa se wiwe, Kim Jong Il.  Abategetsi b’Ubushinwa batangaje ko Kim Jong Un yiyemeje gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda mu kigobe ca Koreya. Yiyemeje kandi kigiranirana ibiganiro na Koreya y’epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika igihe yaganira na prezida w’Ubushinwa, Xi Jingping.  Intumwa za Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo zizosubira kubonana ku musi wa gatatu w’indwi iza, kugira ziheraheze ivyerekeye inama hagati ya Kim Jong Un na Moon Jae-in

from Voice of America https://ift.tt/2GmNLHQ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment