Kur’ uno musi wa kane, Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yatangaje ko igisirikare ciwe cagerageje ibigwanisho bishasha ruhonyanganda bitandukanye. Mur’ivyo birwanisho harimwo ama misile araswa kure kandi afise ubuhinga n’inguvu birusha ibigwanisho ivyo arivyo vyose vyo kwivuna no kwikingira umwansi. Putin yabivuze mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yimirije mur’uku kwezi kwa gatatu. Mur’iki gihe Putin ariko ayobora igihugu mu ncuro ya gatatu. Vyitezwe ko atsinda amatora y’umukuru w’igihugu, akongera gutwara ikindi kiringo c’imyaka itandatu. Iruhande y’ivyo birwanisho ruhonyanganda bishasha, Putin yavuze ko Uburusiya bumaze kugira imyimenyerezo y’ibindi bisasu vy’ama misile akomeye kandi ashobora kuraswa mu bihugu vya kure kurusha izindi misile bari basanganywe. Putin yongeye ashira ahabona umugambi wo kurwanya ubukene cane mur’iki kiringo ca kane ashobora kuzotsindira. Yavuze ko kurwanya ubukene azobikora mu guteza imbere igisata c’ubuhinga bwa none bwa tekinolojiya kugira ubutunzi bw’igihugu bwiyongere.
from Voice of America http://ift.tt/2t9S4nC
via IFTTT
No comments:
Post a Comment