Igiporisi c’u Rwanda gitangaza ko cahagaritse impunzi 33 z’Abarundi kibagiriza kuba barahamagariye bagenzi babo b’impunzi kwanka imfashanyo bahabwa n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku mpunzi HCR na reta y’u Rwanda. Ku rubuga rwaco rwa twitter, Igiporisi c'u Rwanda cagize giti “Guhamagarira abandi kugumuka, ni icaha gihanwa n’amategeko, kibangamira ubuzima bw’izindi mpunzi.” Imbere yo guhunga bava muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, mu ntango z’uku kwezi, izi mpunzi zaranse kwiyandikisha mu buhinga bwa none bwa Biometrike, bavuga ko biteye kubiri n’ukwemera kw’idini yabo. Izo mpunzi ni abayoboke b’akagwi gakorera mu mwijima karongowe n’umwigeme Zebiya kandi zivuga ko zahunze igihugu cabo c’amavuko bahorwa ukwemera kw’idini.
from Voice of America https://ift.tt/2J1xI3X
via IFTTT
No comments:
Post a Comment