Afrika y'epfo: Abantu 30 Bahagaritswe mu Ruhagarara

Igipolisi ca Africa y’Epfo cafashe abantu bashika kuri 30 inyuma y’imyiyerekano yaranzwe n’ubugizi bwa nabi. Abagize imyiyerekano bariko bagerageza gufata itongo rya reta, bongera baraturira ibiro vy’igipolisi. Ivyo bibaye mu gihe, hari umugambi reta yo gutorera inyishu ibibazo vyatewe n’intwaro za kadyanishamiryango za, Apartheid zahagaritswe mu 1994. Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yatanganje kw’igihugu ciwe gitegerezwa guha amatongo amwe amwe abirabure b’ico gihugu yatswe inkehwa z’abazungu. Ejo ku wa mbere, igipolisi cateye ivyuka bibabaza mu maso n’insoro z’imipira abantu bari mu myiyerekano, bariko basahura ibintu mu mamangazini, bonona inyubakwa, batera amabuye imodoka yari iri ku kivuko c’ahitwa Hermanus. Ikinyamakuru ENCA gitanganza kw’abari mur’iyo myiyerekano bafashe itongo igipolisi gisanzwe kibaheramwo amazi n’umuyagankuba. Urwo ruhagarara rubaye mu gihe umukuru w’igihugu yari aherutse kugabisha ko amatongo azoshikirizwa abantu mu buryo butekanye, kandi butarimwo akajagari.  

from Voice of America https://ift.tt/2upC15Y
via IFTTT

No comments:

Post a Comment