Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin agabisha ko agiye guhana yivuye inyuma abo avuga ko boba bafashe minenengwe ubutabazi bw’abantu mu muriro wahitanye abatari bake. Uwo muriro wadutse wahitanye abantu bashika kuri 64 mu kibanza kirimwo amaduka menshi mu karere ka Siberiya. Benshi mu bahitanywe n’uwo muriro bari abana bakiri bato. Umukuru w’igihugu aheruka gutogwa kuyobora igihugu mu kindi kiringo, yabishikirije kur'uno musi wa kabiri mu rugendo yagize mur'ako karere k’igihugu, mu gisagara ca Kemerovo. Putin yagiye gushira amashurwe ku cibutso c’abahitanywe n’iryo sanganya aca atangaza kw'umusi w’ejo kuwa gatatu uzoba ari umusi igihugu kizobagandarira. Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bari bahuriye mu kibanza rusangi c’ico gisagara ca Kemerovo basaba ko haba amatohoza yigenga y’ukugene vyagenze. Abari mu myiyerekano bagiriza abategetsi kuba bagerageje guhisha urugero rw’ingaruka mbi zatewe n’uwo muriro waturiye ico kibanza. Uwo muriro wadutse mu gihe indwi y’akaruhuko k’ishure ku rwaruka kari gatanguye mur'iyi ndwi, ico kibanza c’ubudandaji kikaba cari cuzuyemwo abana batari bake bari kumwe n’abavyeyi babo.
from Voice of America https://ift.tt/2uoJpOK
via IFTTT
No comments:
Post a Comment