Perezida Uhuru Kenyattta wa Kenya Yarahiriye Ikindi Kiringo

Kuri uno musi wa kabiri, umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yarahiye icese mu mabanga y’umukuru w’igihugu ikindi kiringo. Ni inyuma yaho habereye ukutumvikana kwavuye mu matora yabaye mu kwezi kwa munani sentare ntahinyuzwa ya Kenya itesheje agaciro ivyavuye muri ayo matora.  Isinzi ry’abantu bashika ku bihumbi mirongo itandatu bari buzuye urubuga rw’imikino rwa Kasarini i Nairobi aho ibirori vyabereye. Imbere yuko bitangura, igipolisi cateye ivyuka bibaba mu maso mu gutangira  abatari bake  bariko bagerageza kwinjira muri ico kibanza ku nguvu. Ako kanya nyene, igipolisi mu kandi karere k’igisagara ca Nairobi cariko gitera ivyuka vyokera  mu maso abantu bashigikiye umu candida atavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga, aho bariko bitegurira kugira imyiyerekano yo kwibuka abantu baguye mw’itana mu mitwe ryabaye hagati y’igipolisi n’abanyagihugu mubihe vy’amatora.   

from Voice of America http://ift.tt/2iYPNnS
via IFTTT

No comments:

Post a Comment