Amerika Isaba Isi Yose Kuvavanura na Koreya ya Ruguru

Reta zunze ubumwe z’Amerika isaba Ibihugu vyose guhagarika imigenderanire mu vya kidipolomasiya n’ubudandaji na Koreya ya Ruguru. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa gatatu na Nikki Haley, aserukira Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu nama yihuta y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Inyuma y’aho Koreya ya Ruguru gitereye ikindi kigendajuru ca Misile, Amerika imenyesha ko ico gihugu cahisemwo inzira y’intambara, yemeza ko mu gihe vyoshika hakaba intambara, Amerika izosambura intwaro y’ico gihugu yose. Nikki Haley, yateye akamo Ubushinwa guhagarika guha ibitoro reta ya Koreya ya Ruguru. Uburusiya nabwo bubicishije k’uwubuserukira muri ONU bwemeza ko Koreya ya ruguru yakoze agasomborotso ariko ngo gukoresha inguvu za gisirikare si wo muti kur’ico kibazo.   Imwe mu miti yotuma ico gihugu gihagarika ivyo bikorwa vya Nikleyeri, Ubushinwa n’Uburusiya vyasavye Reta zunze ubumwe z’Amerika guhagarika imyimenyerezo ya gisirikare gikorana na Koreya y’Epfo mur’ako karere. Uwuserukira Ubushinwa yongeye gushikiriza uwo muti kur’uyu wa gatatu ariko Amerika ivyamirira kure.

from Voice of America http://ift.tt/2ipiLQU
via IFTTT

No comments:

Post a Comment