Amerika yiteguriye kugwanira Ibihugu vya Buraya Bicuditse Nayo

Ejo ku musi wa kabiri umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu Rex Tillerson, yavuze ko Amerika n’ibihugu vya Buraya bicuditse nayo, bariko bakurikiranira hafi agasomborotso kagigwa n’igihugu c’Uburusiya. Tillerson yasiguye Amerika imaze gukomeza inguvu zayo mu mugambi wo gukingira ibihugu vya buraya ako gasomborotso kagigwa n’Uburusiya.     Ivyo Tillerson yabivuze imisi mike imbere yuko afata urugendo rumushikana  i Buraya kubonana na bagenzi biwe mw’ishirahamwe NATO ryo kugwanira umwansi hamwe. Iyo ntumwa ya Amerika yavuze kandi ko agasomborotso kagigwa n’Uburusiya mugihugu ca Yukraine ari intambamyi ikomeye ku migenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya.  Uburusiya bwafashe akarere ka Crimea kari kagize igice c’ubutaka bw’igihugu ca Yukraine mu mwaka wi 2014. Mw’ijambo yashikirije ari mu kigo c’ubumenyi muri Amerika Woodrow Willson Center, Tillerson yagize  ati: “Imigenderanire yacu n’Uburusiya ntizosubira kuba nka mbere, ikibazo ca Yukraine kidakemuwe”.    

from Voice of America http://ift.tt/2ilynEG
via IFTTT

No comments:

Post a Comment